🏠 Ku Ntango
â–şENGLISH â–şSWAHILI â–şKIRUNDI

Umushinga wo Gushora Imari mu mugambi wa Plastiki

Guhingura ikoresho vyinshi bisabwa vy’ingenzi vya plastiki

Ibikoresho vya plastiki ni ingenzi mu buzima bwa none. Kuva ku mashashe yo gusumiramwo kugeza k’uyo gutekeramwo ibintu: amabakuri, indobo, amacupa, ibikombe, amasahani,amabase, ndetse n’ibikoresho vy’abana vyose bikenewe cane. Bura iduka, sosiyete, inganda, uburiro, n’imiryango bikeneye ibi bikoresho buri munsi.

Kuri uyu mwanya, ibi bikoresho vyinshi vy’ibanze vya plastiki biva hanze y’Igihugu. Gushinga uruganda mu gihugu rukora plastiki bizagabanya ibiciro, bigabanye kuja kurangura hanze y’Igihugu, kandi bizotuma ibisabwa buri munsi mu Burundi biboneka kw’isoko Abarundi babironke ukuri kwamye.

Gushora imari mu mugambi wa plastiki uyu munsi bituma utera imbere kuko isoko rikomeje kuba rini mu karere ka Afurika Y’ubuseruko. Ibi bikoresho bisabwa kandi bigakenerwa n’abanshi, harimo abacuruzi, amarestora, amashuri, n’inganda zindi zibikoresha.

Uyu mushinga si uw’inyungu gusa, ahubwo unateza imbere igihugu. Haab mu kugwiza akazi, ukwongera ubutunzi bw’Igihugu, kandi ugaha abenegihugu ibikoresho vy’ingenzi vya buri munsi.

Mu gushora imari mu mugambi wa plastiki, uterereye mw’iterambere kandi winjiye mu rwego rufite isoko rikomeye ndetse rinunguka cane ku rwego rushemeye ibihe vyose.

Kwiyunga muri uyu mugambi, uzuza iyo ifishi iri aho munsi utanze umwidondoro wawe nyawo. Umugwi wacu ubijejwe uzoguhamara kuri telefone ukumeenyeshe ibikurikira.