Kwubaka inkingi y’iterambere ry’igihugu biciye mu Guhingura Vuuma
Ivyuuma ni kimwe mu bikoresho bikenewe cane mw’iterambere rya none. amabarabara, amazu maremare, inganda n’ibindi vyose bikenera ivyuuma.
Mu rugendo rw’iterambere igihugu cacu kirimwo, ibikeye ivyuma biguma vyiyongera umusi ku wundi. Imiji iguma yaguka, inganda ziriyongera, n’imishinga y’inyubakwa irabandanya.
Gushora imari mu mugambi w’ivyuma uno musi bisigura ko ushoye imari k’umuzi w’iterambere ry’igihugu. Reta, abikorera utwabo n’abubatsi bose bakenera ivyuuma uko bukeye n’uko bwije.
kuja muri uyu mugambi si ukwunguka gusa, ahubwo ni no guterera mw’iteermbere ry’Igihugu no kuba Igihugu cikwije muri vyinshi cahora gikura hanze, kugabanya ibiciro, kugwiza ubuzi, no gukomeza ubutunzi bw’igihugu.
Mu gushora imari mu mugambi w’ivyuma, uterereye mw’iterambere kandi winjiye mu rwego rufite isoko rikomeye ndetse rinunguka cane ku rwego rushemeye ibihe vyose.