Buri Umutumba wose ukwiye kuba ufise ivuriro riwegereye
Umurundi wese yoba ari mu gisagara canke mu micungararo, akwiye kuvurwa neza kandi bitamutwaye amafaranga menshi yikirenga.
Mu mitumba akenshi kwivuza birabagora cane kuko ata mavuriro akwiye bafise hafi yabo. Kandi naho mu gisagara amavuriro usanga ari menshi, hari igihe habura ubuzi bukwiye ku bantu bose babukeneye. Ibi bitera abarwayi kuremba cane, hamwe n’impfu zari gushobora gukingirwa.
Ni ngombwa ko bura karere kaba gafise amavuriro rusangi abiri canke arenga atanga ubuvuzi bukwiye ku banyagihugu.
Kugira dushike kuri uyu mugambi, abenegihugu twese dutegerezwa kuja hamwe, tukitanga tutiyumviriye kuronka inyungu, no gutanga intererano muri uyu mugambi kugira ngo dukingire imiryango yacu n’abenegihugu bose muri rusangi.
BTD ifashanya n’ubuyobozi bw’amagara y’Abantu mu gutanga ibikoresho vyankenerwa bikwiiye ku mavuriro no gutuma ibikorwa vy’ubuvuzi bikoreka neza ku bantu bose bakeneye ubufasha bwihutirwa.
Ukwitabira kwawe muru uyi mugambi, ufashije umuryango wawe hamwe n’Igihugu m’ubujanye n’amagara y’Abantu, ukomeje inyubakwa z’ubuvuzi, kandi ukaba ukijije Abarundi benshi. Imbere yo kuja hamwe natwe..., Tangura wuzuze iyi fishi iri aho munsi.