🏠 Ku Ntango
â–şENGLISH â–şSWAHILI â–şKIRUNDI

Gushigikira Igikorwa c’Ubutabazi

Gukingira amagara y’Abarundi mu buryo bwihuse bisaba kwihuta n’ubumwe

Bura munota ufise akamaro kanini m’uvyubutabazi. Abantu barapfa cane atari uko imfashanyo yabuze, ahubwo ari kubere ko yatevye.

Uburundi burakeneye imodoka nyinshi za ruseha abaniha, nimuriburi zitatu canke zine+ kw’ivuriro kandi zikora amasaha yose.

Impfu nyinshi mu Burundi ziterwa n’uko ruseha abaniha ari nke, cane cane mu mitumba.

Ababa mu mitumba basa n’abibagiwe, nk’aho ubuzima bwabo butagira agaciro.

Muri BTD twarabonye ico kibazo, duca twiyumvira uko twotegugura inyishu yo gufashanya n’amavuriro yo mu mitumba.

Ibi bizotuma hataba iandukaniro rinini hagati y’amavuriro yo mu gisagara n’ayo mu mitumba. Wipfuza kugira ico uterereye kuri uyu mugambi? Tangura wuzuze iyi fishi iri aho munsi.

Shiramwo amafaranga ushoboye guterera (FBU)
FBU