Gutanga ubufasha mu migambi y’amagara ku miryango yose y’abakeneye ubufasha
Umugwi wa BTD witaho amagara y’Abantu warateguye neza umugambi w’igihugu cose mu gufasha mu bjanye n’anmagara, nko kugendera umuryango umwe nimuburiburi kabiri mu ndwi kugirango bamenye ivyo bakeneye buri munsi k’umagara yabo.
Intumbero yacu ni gutanga ubufasha buhoraho, gutanga impanuro zijanye n’amagara, n’ukuntu bashobora kuronka ibikenewe vyose, cane cane ku batabasha kugera ku bitaro bito cangwa ku mavuriro makuru.
Turashaka kwigisha abakobwa n’abahungu bakiri bato tubasanze ku mashuri, mu mihana, mu masengero no mu misigiti uburyo bwo kwitaho isuku no kwikingira kugira ngo birinde ingwara, mu ntumbero yo kwamana amagara meza cane.
Uyu mugambi ugamije kandi kugendera abagwayi bari mu bitaro badafise umuryango ubitaho, tukabafasha kuronka ikibafasha mu mwanya bari mu bitaro, no kubaha ibikenewe vyose bijanye n’amagara meza.
Abahinga bacu (Care Givers) ni abahinga bafite ubumenyi n’uburambe muri iki gikorwa co guteza imbere igisata c’amagra y’Abantu. Dutanga ubufasha, ubugenzuzi, impanuro, ndetse n’imfashanyo idasanzzwe yo kuremesha abatakaje icizere k’ubuzima bwabo.
Ukwitabira uyu mugambi bifasha BTD gutanga imfashanyo z’amagara kuri abo bose bakwiye gufashwa, kugabanya ingwara zishobora gukingirwa hakiri kare, no guteza imbere imibereho myiza y’Abanyagihugu nawe urimwo. Tangura mu kwuzuza ifishi iri aho munsi.