🏠 Ku Ntango
â–şENGLISH â–şSWAHILI â–şKIRUNDI

Gushigikira Amashure y’Ubuvuzi mw’Iterambere ry’Igihugu

Tugiye hamwe twokubaka kazoza keza k’Uburundi

Iterambere ntiriza ku bw’impanuka. Risaba ukwitegura gukwiye, ukwiyemeza, ubumwe, ibikorwa n’ibikoresho bikwiye.

Kugira Uburundi bukomeze igisata c’ubuvuzi, Umurundi wese afise uruhara runini akwiye gutereramwo.

Uyu mugambi ni uw’Aburundi kandi wateguwe n’Aburundi. Iterambere risaba ibikoresho vyinshi kugira rishobore kubaho, kandi ivyo bikoresho biva muri twebwe Abarundi ku bice 60%. Umurundi wese ahamagarirwa kwitanga bivanye n’urukundo afitiye igihugu ciwe n’uko yipfuza iterambere ry’Igihugu.

Nta ntererano ntoyi canke nini. Utanga ico ufise, ic’ingenzi ni umutima wipfuza iterambere n’ubumwe.

Guterera uyu mugambi si uguta canke igihombo, ni ugutegura kazoza keza k’umagara yawe. Uriko urabitsa muri wewe nyene, abana bawe, n’abuzukuruza bawe kuko bazovurwa neza kandi ku buntu.

Iyo abanyagihugu bagiye hamwe, baba bateye ubwoba kandi ntacobahagarika kudashika k’uco biyemeje gushikako. Mu kwiyunga natwe muri uyu mugambibi: Tangura mu kwuzuze iyi ifishi iri aho munsi.

Shiramwo amafaranga ushoboye guterera (FBU)
FBU